Abigeme baracari ‘inyuma cane’ muri ICT, hari abariko bararwanira impinduka| BBC Gahuza Miryango

Gushikira ubumenyi muri ICT biracari inyuma cane mu bigeme mu Burundi, n’aho hari intambwe imaze guterwa, nk’uko bivugwa na Natacha Nduwimana arongoye ishirahamwe BiHub.

Uyu musi kw’isi harahimbazwa ku ncuro ya cumi umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme muri ICTs, ku civugo ca ‘abakobwa ku muhora wa internet, n’ugutegura kazoza k’ejo’.

Ariko mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu vyinshi bikenye, abigeme ntibafise amahigwe yo kwiga no gushika kuri ubu buhinga bugezweho.

Kuri uyu musi, mu butumwa bwatanzwe na Doreen Bogdan arongoye ishami rya telecommunication muri International Telecommunication Union (ITU) avuga ati:

“Turazi neza ko hakenewe ugufashanya mu guhimiriza abigeme kwiga ivyigwa ya STEAM kugira ngo bongereze ubwenge mu kwiyumvira, gutora umuti w’ibibazo, n’ubuhinga mu gusesengura”.

STEAM* Science, Technology, Engineering, the (liberal) Arts, and Mathematics.

Mu Burundi, kuva mu 2017, ishirahamwe ritegamiye reta BiHub riharanira kunagura ubumenyi, guha amahirwe, no gufasha abigeme gushika kuri ICTs, rimaze gufasha abarenga 10,000 muri ivyo.

Nduwimana arirongoye yabwiye BBC ko intambwe bamaze gutera yatumye ubu bari gukorana na reta, UNICEF hamwe n’abikorera utwabo gutorera inyishu ikibazo gihari co gushikana ICTs ku bigeme.

Ati: “Turamaze gukora imigambi itandukanye iha abigeme amahirwe yo kubona no gukunda ICTs nka; #eSkills4Girls, MissTechnology na African Code Challenge, aho dushimikira cane ku kugira nibura ibice 50% vy’abigeme”.

Iruhande y’ivyo, Nduwimana avuga ko baha abakobwa inyigisho nkarishabwenge muri ‘coding’, bakanabamenyereza kurondera inyishu y’ibibazo bakoresheje ICTs.

Ati: “Tubahuza kandi n’amahirwe ariho mu gihugu no hanze yaco, ubuzi, amashure, amahirwe muri business, internships…hari n’abo twarungitse mu nama mpuzamakungu i Geneva muri ONU.”

‘BiHub yampaye umurongo’ – Gabriella, Université de Lille

Gabriella Divine Ishimwe, mu 2018 aho yari ahejeje amashure yisumbuye kuri Lycée du Saint-Esprit, imbere y’uko aja mu nyigisho za BiHub yashaka kwiga ‘medicine’ (ivyigwa vy’ubuvuzi).

Ati: “Batwigishije gukora za applications n’ingene wokoresha informatiques mu migambi yawe….Izo nyigisho zatumye mbona ko informatiques ari yo nkunze kandi izomfasha mu buzima.

Ishimwe w’imyaka 21, ubu yiga mu wa mbere wa informatiques muri Kaminuzaya Lille mu Bufaransa, we na bagenzi be bo mu Burundi bashinze kompanyi yo gufasha ubudandaji hakoreshejwe ubuhinga bwa none yitwa E-Deal Market.

Mu 2018, Noëlla Tuyishimire ahejeje amashure yisumbuye mw’ishami ry’ubutunzi, na we yarahawe inyigisho na BiHub mbere aza kuba uwa mbere mw’ihiganwa rya #eSkills4Girls.

Ubu Tuyishimire w’imyaka 22 yiga mu wa kabiri informatiques muri Bujumbura International University, akanafasha kandi BiHub guha inyigisho abandi bigeme batoya muri ICT.

Agira ati: “Ica mbere BiHub yankoreye n’uko yanteye kwigirira icizere kuko kera naratinya no kuja imbere y’abantu, barantinyuye mpitamwo no kubandanya kwiga informatique n’aho nize ivyo ubutunzi mu mashure yisumbuye.”

Ingorane y’abigeme muri ICT n’iyihe?

Gabriella na Noëlla bahuriza ku ngorane y’uko abakobwa kuva ari batoya baterwa ubwoba ko informatiques ikomeye ari ivyigwa vy’abahungu, ko “bobo bategerezwa kuzoba abagore bo mu rugo”.

“Abigeme twabonye ko bafise kandi batewe ubwoba, ica kabiri ntibabona amahirwe yo gushika kuri ICTs kuva bakiri bato” – Natacha Nduwimana.

Abandanya avuga ati: “Ico dusaba reta n’uguha amahirwe ya ICT ku bana bose kuva bakiri batoya no guhimiriza abigeme gufata ayo mahirwe.”

Nduwimana, na we yize ICT, avuga ko ubu mu mashure ya reta ivyigwa vya ICT batangura kuvyiga muri mwaka w’umunani (uwa kabiri w’amashure yisumbuye), mu gihe mu mashure yigenga batangura kuvyigisha abana bakiri bato.

Ati: “Dusaba ko ivyo bihinduka, kandi reta igashira coding muri curriculum (mu rutonde rw’ivyigwa) y’amashure yayo kuko ntirimwo, kandi mu mashure yigenga bamaze kuyishiramwo, kuko coding ni ururimi rw’akazoza.”

BBC yagerageje kuvugana n’ubushikiranganji bujejwe ICTs mu Burundi ariko ntivyashobotse.

Kazoza bakabona gute?

Gabriella Ishimwe yipfuza kuminuza muri ICT akavana ubumenyi mu Bufaransa akabuzana mu gihugu ciwe kubutanga no kubera abigeme bato akarorero ko kwinjira muri ICTs.

Noella nawe ati: “Mfise icizere c’ejo heza kubera isi iri kugana kuri technology, hari abakobwa benshi bazitabira ICT biciye muri twebwe tubereka y’uko bifise akamaro kwiga informatique.”

Natacha ati: “Abantu benshi, harimwo reta n’abikorera utwabo, baramaze kwiyemeza gufasha abigeme kubona ‘digital skills’ bakeneye n’aho hakiri vyinshi vyo gukora, ariko mfise icizere cinshi c’impinduka nziza”.

Mu butumwa bwiwe, Doreen Bogdan yagize ati: “Tekereza isi aho buri mwana yoba afise amahirwe nta ngere ya ICT. Bumwe mu buryo bwo kubishikako n’uguha abigeme ubumenyi kw’ikoranabuhanga kuva bakiri batoya”.

Source : BBC Gahuza Miryango

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

error: Content is protected !!